Amakuru
27 mai 2021

Imbarutso y’itembagazwa ry’ubutegetsi mfatakibanza mu gihugu ca Mali yabaye ishirwaho rya leta nshasha

Imbarutso y’itembagazwa ry’ubutegetsi mfatakibanza mu gihugu ca Mali yabaye ishirwaho rya leta nshasha. Bivugwa n’umuhinga mu vya politike Jean Marie Ntahimpera asanzwe aba mu gihugu ca Mali. Umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wiwe wa mbere bari babogoje muri leta abasirikare babiri basanzwe bari imbere mu kagwi kari katembagaje ku butegetsi Ibrahim Boubacar Keïta ku wa 18 Myandagaro mu mwaka uheze. Leta ihejeje gutangazwa, ibintu vyaciye biyangara kuko abasirikare baciye bafata umushikiranganji wa mbere n’Umukuru w’igihugu bajanwa mw’ikambi ya Kati isanzwe irimwo abo basirikare batembagaje ubutegetsi ubugira kabiri.