Amakuru
9 juin 2023

Imanza zidasaba uburyo bwinshi ntizorindira uburyo bw’ubushikiranganji, zikwiye kuja mu ngiro

Abarongoye amasentare ntibakwiye kwama barindiriye ko imanza zija mu ngiro ku buryo bw’ubushikiranganji. Zimwe muri izo manza ziba zikeneye kuja mu ngiro, hari izidasaba uburyo bwinshi. Ivyo bivugwa n’umushikiranganji w’Ubutungane. Domine Banyankimbona yabishikirije ku munsi wa kabiri mu ntara ya Gitega aho yariko akoresha inama abacamanza. Akaba atera akamo abacamanza gukora neza kugira ntihasubire kuvugwa ibiturire ngo vyonone isura y’ico gisata.