Amakuru
18 février 2022

Ikurwa ry’ibihano ku Burundi rishobora gutuma ubwicanyi bwiyongera

Ingingo y’Ubumwe bwa Buraya yo gusubira gufasha igihugu c’Uburundi ngo nta kindi igamije atari uko Abarundi babandanya bakandamizwa. Ibi bikaba biri mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye kuri uno wa kabiri. Epitace Nshimirimana, avugira uwo mugambwe, akabona ko imfashanyo Ubumwe bwa Buraya bugiye gusubira gutanga izoza guha inguvu abakorera amabi akomeye Abarundi. Kuri we, nyabuna ngo nta kindi kizogarukana amahoro mu Burundi atari iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha.