Amakuru
18 février 2023

Ikumirwa rifatiye kuri politike ku Bacongomani baba muri chefferie y’Abarundi mu kiyaya ca Rusizi

Abanyagihugu baba muri chefferie y’Abarundi mu kiyaya ca Rusizi ni Abacongomani buzuye, n’aho hari abanyepolitike bashaka kubacanishamwo n’abo basangiye igihugu bavuga ko ari Abarundi. Umwami wo muri ako karere aributsa ko Ibwirizwa nshingiro rya Congo ryemeza ko ababa muri ico gice ari Abacongomani. Mu kiganiro yahaye télévision Renaissance kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 16 Ruhuhuma, umwami Richard Nijimbere, Ndabagoye III, Kinyoni III, ariyamiriza ubutumwa butagira umukono buriko burakwiragizwa butera ubwoba ababa muri iyo chefferie ko batohirahira ngo baje kwiyandikisha mu bazotora. Ahamagarira abategetsi ba Congo kwubahiriza agateka k’abanyagihugu bose mu butandukane bwabo.