Ikoreshwa mu Burundi ry’amafranga mvamakungu mu bijanye n’amasezerano, irihwa ry’ibidandazwa n’akazi, birabujijwe n’ibanki nkuru y’igihugu. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 Mukakaro 2021, Diane Jocelyne Bizimana, arongoye igisata co kumenyesha amakuru, yongeyeko ko abashaka kuriha ibidandazwa biva hanze y’igihugu bazobisabira uruhusha.
Amakuru
14 juillet 2021