Amakuru
19 juillet 2022

Ikiza ca Corona kiracibonekeza mu gihugu

Abanyagihugu basabwa kubandanya biyubara kuko umugera wa Corona ukirangwa mu gihugu. Ako kamo katewe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu ku munsi wa gatanu uheze. Hari mu kiganiro caremeshejwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye za leta. Pamphile Bukuru yamenyesheje ko mu ndwi iheze gusa, ku bantu 365 bipimishije mu gihugu cose, 21 basanze barwaye. Agasaba abanyagihugu kubandanya bakurikiza ingingo zashizweho na leta mu kwirinda ico kiza.