Ubushikiranganji bwo Gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu buhaye indwi zibiri zitarenga abana bo mw’ibarabara co kimwe n’abandi bantu basabiriza kuba bavuye mw’ibarabara muri ico gihe. Ivyo vyaraye bishikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Ruheshi umwaka w’2022. Félix Ngendabanyikwa agahamagarira igipolisi n’abajejwe intwaro gufasha kugira iyo ngingo ize ishobore kuja mu ngiro ku gihe.
Amakuru
29 juin 2022