Agriculture
18 mai 2023

Ikilo c’ikawa y’ibitumbwe ihiye kizogurishwa ku mafaranga 1280 muri uno mwaka w’2023-2024

Igiciro c’ikilo c’ikawa y’ibitumbwe ihiye neza cashizwe ku mafaranga 1280. Iki ni co giciro c’uno mwaka w’2023 ushira uw’2024. Léonard Kayobera, umuyobozi mukuru w’ikigo ODECA kijejwe guteza imbere ikawa, yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 16 Rusama. Yanateye akamo abarimyi b’ikawa ngo bagwize umwimbu.