Amakuru
14 avril 2023

Ikigo RPP gikeneye kuronswa ibikoresho bikwiye kugira gisohore ibitabo bikwije ivyangombwa

Ibitabo, vyaba ivy’abigisha canke ibigenewe abanyeshure, ntibikwije ivyangombwa. Vyashikirijwe n’umurwi ujejwe gusuzuma ivyo bitabo. André Nduwimana, arongoye uwo murwi, avuga ko ikigo RPP ca leta kironkejwe uburyo n’ibikoresho bikwiye, gishobora gusohora ibitabo vyikwije. Co kimwe n’uko abandika ivyo bitabo bakeneye guhabwa ubumenyi bukwiye.