Amakuru
1 décembre 2022

Ikigo OBR gihamagarira abatunze imiduga kuriha ikori ritozwa ku modoka

Uwurongoye ikigo OBR ahamagarira abatunze imiduga batarariha ikori ku modoka zabo, ko boririha vuba kugira amabarabara atangure gusanurwa. Ku bwa Jean Claude Manirakiza, muri uyu mwaka, iryo kori ryategerezwa gutangwa gushika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu. Ako kamo akaba agateye inyuma y’aho agize urugendo mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa kabiri.