Amakuru
29 juillet 2023

Ikigo cahora kijejwe guha ingurane abarimu cashizeho microfinance izohora ikora ico gikorwa

Hagiye gushirwaho microfinance yo kuziganya no guha ingurane abarimu igenewe uburaro. Vyatangajwe na Victor Ndabaniwe, arongoye urunani rw’amasendika y’abigisha COSSESSONA. Hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 27 Mukakaro. Yamenyesheje ko ico kigo kigiye gukora nka koperative kizoba kirabwa n’Ibanki nkuru y’igihugu.