Amakuru
15 mars 2023

Ikigo BBN ntigishaka gusubira kubona amacupa ya plastique akoreshwa rimwe gusa ku masoko

Mu gihe c’ukwezi kumwe, ngo nta cupa na rimwe risanzwe rikoreshwa rimwe gusa rizosubira kuboneka ku masoko. Ico ni ikiringo gitangwa na Sévérin Sindayikengera, arongoye ikigo c’igihugu kijejwe kuraba ubuziranenge (BBN). Akaba yabishikirije kuri uyu wa 13 Ntwarante mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.