Amakuru
28 juin 2023

Ikigo BBN kirabandanya intumbero yaco yo kurwanya ibintu bibangamira amagara y’abanyagihugu

Ikigo kijejwe gucungera ubuziranenge bw’ibidandazwa n’ibifungurwa muri rusangi, BBN, ntikirota kidohoka ku ngingo cafashe zo kurwanya ibitekezo bidakwije ivyangombwa. Bivugwa na Séverin Sindayikengera, umuyobozi mukuru wa BBN. Hari kuri uyu wa kabiri aho amakungu yahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gucungera isuku ry’ibifungurwa. Aributsa ko ari igikorwa kigoye cane ariko ko batazotezura, gushika kw’ihangiro mu ntumbero yo kubungabunga amagara y’abanyagihugu.