Amakuru
25 juillet 2023

Ikigo BBN gisaba ko ivomerwa ry’imboga n’irimwa ryazo bihagarikwa mu gisagara ca Bujumbura

Leta y’Uburundi irahagaritse ibikorwa vyo kuvomera imirima y’imboga bita ilengalenga hakoreshejwe amazi mabi co kimwe n’irimwa ry’izo mboga mu gisagara ca Bujumbura. Vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura ubuziranenge, Séverin Sindayikengera, hari mu ndwi iheze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Ku bw’ikigo BBN, amazi usanga yateze mu makanivo akoreshwa mu kuvomera, ngo si meza ku magara y’abantu.