Amakuru
15 mars 2024

Ikigo BBN gifise ikibazo c’ubukene bw’abakozi

Ishirahamwe BBN rishinzwe kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa mu Burundi ngo rifise abakozi bake cane ku buryo bitokunda ko bagenzura ibikorwa n’ibidandazwa vyose biri kw’isoko mu gihugu. Ivyo vyamenyeshejwe na Sévérin Sindayikengera, umuyobozi mukuru w’ikigo BBN, mu gihe kuri uyu wa gatatu bagendera isoko ya COTEBU n’ibindi bibanza bitandukanye bicururizwamwo mu gisagara ca Bujumbura baraba ibihacururizwa. Ico kigo kikaba casanze hakiriho ibicuruzwa vyataye igihe n’ibindi bitapimwe ubuziranenge nk’ibiribwa n’inzoga. Ubwo bukene bw’abakozi rero ngo butuma ico gikorwa co gusuzuma kibagora.