Amakuru
26 septembre 2023

Ikigo BBN cafashe ingingo yo kubanza gupima isima ivuye hanze imbere y’uko yinjira mu Burundi

Nta sima izosubira kwinjira mu Burundi idapimwe ngo bigaragare ko ikwije ibisabwa n’amategeko. Bivugwa n’umuyobozi mukuru w’ikigo BBN kijejwe gucungera ubuziranenge ku bidandazwa. Séverin Sindayikengera yabimenyesheje kuri uyu wa mbere aho BBN yari iramutse ibuza ko isima ya GLC yinjiye mu Burundi idandazwa itabanje gupimwa. BBN imenyesha ko ari mu ntumbero yo gukingira Abarundi.