Amakuru
14 novembre 2023

Ikigo ADB gihamagarira amahinguriro kwubahiriza ibisabwa mu gihugu no mu makungu

Ikigo c’igihugu kijejwe iterambere ADB kirakurikiranira hafi ibikorwa vy’amahinguriro kigafasha amashirahamwe ashaka gukora yisunze ibisabwa n’amategeko y’igihugu na mpuzamakungu. Didace Ngendakumana, umuyobozi mukuru wa ADB, ahamagarira amahinguriro aza yaranditswe na mashasha avyipfuza kwitura ico kigo kugira kiyafashe mu kazi kayo mu kurwiza umwimbu no kuronka impapuro zemeza ko ivyo akora vyujuje ibisabwa.