Umukuru w’Igihugu c’Uburundi aremeza ko mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa, igitoro kizoba cabonetse. Akaba yabishikirije mu mpera z’indwi iheze igihe yariko aragirana inama na bamwe mu Barundi baba hanze, hari mu ntara ya Ngozi. Uwo mwizero w’umukuru w’Igihugu ukaba uje mu gihe haheze amezi hari ubukene budasanzwe bw’ico kidandazwa gisanzwe ari co ibindi vyose bivako mu kuduzwa canke mu kumanuka kw’ibiciro.
Amakuru
5 août 2022
