Amakuru
2 février 2022

Ikibazo c’abigisha ntikizotorerwa inyishu mw’iterabwoba ry’umukuru w’Igihugu

Umugambwe RDB urahagaritswe umutima n’amajambo y’umukuru w’Igihugu, amajambo atera ubwoba abarimu n’abarongoye amasendika yabo boba baripfuje guhagarika imirimo. Jérémie Minani, arongoye uwo mugambwe, aributsa Evariste Ndayishimiye ko ubutegetsi bushingiye ku gikenye n’iterabwoba butagifise ikibanza mu Burundi. Imvugo yiwe ngo ishobora gusubiza inyuma intambwe y’ibiganiro biriko biraba hagati y’umurwi w’Igihugu ujejwe ibiganiro n’abaserukira abarimu. Jérémie Minani asaba umukuru w’Igihugu kwisubirako agahitamwo ibiganiro mu kurongora abandi.