Amakuru
1 mars 2022

Ikibazo c’abaheba ishure nticotorerwa inyishu kubera ingingo ifatiwe muri komine imwe

Nta munyeshure n’umwe arekuriwe kugira ubugeni yarataye ishure imbere y’imyaka ibiri ahevye kwiga. Biri mu ngingo yafashwe na Françoise Twagirayezu, musitanteri wa komine Bukemba mu ntara ya Rutana. Ku bwa Eulalie Nibizi, aharanira agateka ko kwiga kuri bose, avuga ko iyo ngingo ataco yoshikako, na cane cane ko ifatiwe ahantu hamwe gusa. Amenyesha ko ingingo zo gutuza iyo ngeso y’abana baheba ishure zidafatirwa ku rwego rwa komine. Agasaba abarongoye Uburundi gutunganya ibiganiro vyohuriramwo abegwa bose n’ikibazo c’indero mu Burundi kugira haboneke umuti urama.