Amakuru
22 décembre 2023

Ikibanza c’umumenyeshamakuru si ibohero, Floriane Irangabiye akwiye kurekurwa (A. Niyungeko)

Leta y’i Gitega isabwa kwikubita agashi ikarekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Bisabwa n’abamenyeshamakuru bagenzi we hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bari bitavye imyiyerekano yabereye ku cicaro c’uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Ububiligi. Iyo myiyerekano yari yatunganijwe n’ishirahamwe Amnesty International kuri uyu wa 20 Kigarama. Alexandre Niyungeko, umumenyeshamakuru yashikirije ijambo ry’uwo munsi, yibutsa leta ko Floriane ata caha yakoze, ko ata kindi azira atari umwuga wiwe. Gutyo rero ikibanza ciwe kitari mw’ibohero.