Amakuru
30 janvier 2021

Ijambo ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo ni intambwe ishimishije mu bijanye no gusubiza ubwigenge abamenyeshamakuru mu Burundi

Ijambo ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo ni intambwe ishimishije mu bijanye no gusubiza ubwigenge abamenyeshamakuru mu Burundi. Ishirahamwe mpuzamakungu RSF ribonamwo icizere cinshi muri iryo jambo. Ariko rero iryo shirahamwe ribonako hari vyinshi vyo gukora kugira abamenyeshamakuru basubire kugira icizere co gukora mu bwigenge. Arnaud Froger, arongoye RSF ku mugabane wa Afrika, ahamagarira Leta kubandanya ifata bene izo ngingo zigarukana icizere.