Tanzaniya ngo iriko irahonyanga amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi yemejwe i Genève mu mwaka w’1951. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu n’impunzi ziba mu makambi (CBDH/VICAR). Léopold Sharangabo amenyesha ko ingingo ya 33 y’ayo masezerano ivuga ko ata gihugu na kimwe cakiriye impunzi gishobora kuzitahukana ku nguvu. Ivyo bikaba bivuzwe inyuma y’aho umugenduzi mukuru ajejwe igisata c’impuzi amenyesheje mu ndwi iheze ko amakungu ata bubasha afise bwo kubuza igihugu ca Tanzaniya gutahukana impunzi ku nguvu.
Amakuru
29 octobre 2021
