Ku wa 25 Myandagaro ni ho hazotangura rusansuma rusangi y’abanyagihugu mu Burundi. Abazoyikora bakazogeza itariki 15 Nyakanga. Ku munsi wa gatatu uheze, umushikiranganji wa Mbere, ari na we arongoye umurwi ujejwe iyo rusansuma, yaratunganije inama yakoranije abashikiranganji batandukanye kugira barabire hamwe aho igikorwa co guhimiriza abanyagihugu kigeze. Nicolas Ndayishimiye, umunyamabanga w’uwo murwi, akaba avuga ko iryo himiriza rizobandanya kugira abanyagihugu bitabire neza iyo rusansuma.
Amakuru
23 août 2024