Amakuru
3 juillet 2021

Ihimbazwa y’isabukuru y’imyaka 59 Uburundi bwikukiye;

Isabukuru y’imyaka 59 Uburundi bwikukiye yahimbajwe kuri uyu wa mbere Mukakaro umwaka w’2021. Icivugo c’uno mwaka akaba ari « Ukuzirikana uruhara rw’umunyagihugu mu buzima bw’igihugu, niwo mushinge wo kwikukira ». Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yibukije abarundi ko uwo munsi wibutsa aho abarundi bikurako akagaye n’agacinyizo k’abanyamahanga.