Kuri uyu wa 20 Mukakaro, abari mw’idini rya Islam kw’isi yose bariko barahimbaza umunsi mukuru wa Eid al-Aldha. Mu Burundi, amasengesho y’uwo munsi mukuru yabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru muri zone ya Nyakabiga muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Kubwa Sheikh Iddy Kabano, arongoye ivy’imfatakibanza ishirahamwe COMIBU, ngo aba Islams bibuka utwigoro tw’intumwa Ibrahim ari nawe yemeye gutanga umwana wiwe Ismaël nk’ikimazi kubw’urukundo rw’Imana.
Amakuru
21 juillet 2021
