Amakuru
21 octobre 2022

Ihiganwa ry’amakinga mu Burundi rishobora gutuma abanyamitahe n’ingenzi biyongera

Uburundi buriko buritegura kwakira ihiganwa ry’amakinga rihuza ibihugu 8, harimwo n’Uburundi nyene, kuva kw’igenekerezo rya 24 gushika ku rya 29 Gitugutu uyu mwaka. Ni ihiganwa mpuzamakungu mu gusiganwa ku makinga mu gisata c’abakenyezi, igice kigira kabiri. Ku ruhande rw’ishirahamwe ry’abagendesha amakinga ni umunezero ntangere, nk’uko bishikirizwa na Patrick Arnaud Iryumugabo, arongoye iryo shirahamwe. Akamenyesha ko iryo higanwa rizotuma abantu benshi mu bagwizatunga bazoboneraho Uburundi eka n’abipfuza bose kugendera Uburundi bagashobora kuzohaza.