Amakuru
27 décembre 2022

Ihiganwa rya beach volleyball ry’akarere ka 5 ryasozerewe ku munsi wa gatandatu ritwarwa n’Uburundi

Uburundi bwaratwaye igikombe c’ihiganwa rya beach volleyball ry’akarere ka 5 ku munsi wa gatandatu. Izo nkino zabereye i Bujumbura ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika. Ico kibanza ca mbere rero uwurongoye ishirahamwe rya volleyball mu gihugu akavuga ko cavuye ku mvo zitandukanye nziza. Ariko rero général de brigade Serge Ntakavura akaba anegura ko ata kigo gihari co kugira bapime ko abakinyi ata biyayuramutwe baba banyoye imbere yo gukina.