Amareresi icenda ni yo azokwerekanwa, ayandi mirongo indwi n’atanu akaba azoja mw’ihiganwa ry’amareresi rigira 13 rizotangura kw’igenekerezo rya 27 Rusama gushika kuri 03 Ruheshi. Bishikirizwa na Bertrand Gahimbare, ajejwe gutunganya ibikorwa mw’ishirahamwe FESTICAB. Bertrand Gahimbare akamenyesha kandi ko hari vyinshi vyatunganijwe, harimwo n’inyigisho ku bantu basanzwe batunganya amareresi zizomara iminsi itatu.
Amakuru
20 mai 2022