Amakuru
20 mai 2022

Ihiganwa rigira 13 rya FESTICAB rizoba ku wa 27 Rusama kugera ku wa 3 Ruheshi, ihiganwa ry’amareresi

Amareresi icenda ni yo azokwerekanwa, ayandi mirongo indwi n’atanu akaba azoja mw’ihiganwa ry’amareresi rigira 13 rizotangura kw’igenekerezo rya 27 Rusama gushika kuri 03 Ruheshi. Bishikirizwa na Bertrand Gahimbare, ajejwe gutunganya ibikorwa mw’ishirahamwe FESTICAB. Bertrand Gahimbare akamenyesha kandi ko hari vyinshi vyatunganijwe, harimwo n’inyigisho ku bantu basanzwe batunganya amareresi zizomara iminsi itatu.