Amakuru
5 juillet 2023

Ihangiro ry’2040-2060 risaba ko hazobanza kunagurwa imigenderanire n’abahora bafasha Uburundi

Nimba abategetsi b’Uburundi bipfuza koko gushikira ihangiro ry’2040-2060, bategerezwa gusubira kwiyegereza abahora bafasha Uburundi. Ni akamo gaterwa n’ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, PARCEM. Faustin Ndikumana, umuyobozi w’iryo shirahamwe, amenyesha ko igihugu gifise ideni ryo hanze n’iryo hagati mu gihugu rirenga imiliyaridi ibihumbi bitanu y’amafaranga y’amarundi. Ku bwiwe, nta yindi nzira n’imwe ishoboka kugira ubutunzi bw’igihugu busubire kwisununura. Ikindi abona ni uko abakozi ba leta bategerezwa kurwiza umwimbu kugira bunganire leta mu migambi yayo.