Amakuru
4 mars 2023

Ihagarikwa ry’inyubako zariko zirubakwa i Sororezo zidakurikije amategeko

Umushikiranganji w’Inyubako yaragendeye kuri uyu wa 2 Ntwarante ikibanza kiriko kirubakwamwo inzu zibiri i Sororezo mu gisagara ca Bujumbura. Dieudonné Dukundane yasanze bariko barubaka babanje kurandura intsinga za REGIDESO. Akaba yaciye atanga itegeko ryo guhagarika ivyo bikorwa vuba bwango.