Amakuru
31 octobre 2023

Ihagarikwa ry’ibikorwa vyo gucukura ubutare ryatumye ico gisata ata kori cinjiza (Audace Niyonzima)

Igice ca mbere c’uno mwaka igisata c’ubutare nta na kimwe cinjije mu kigenga ca leta. Umushikiranganji w’Ikigega ca leta Audace Niyonzima asigura ko vyavuye ku bikorwa vyo gucukura ubutare vyahagaritswe. Yabibwiye abashingamateka n’abakenguzamateka aho yari aramutse ari umutumire wabo. Iyindi mvo umushikiranganji avuga ni uko ama comptes yo kurihirako ikori yahindutse.