Mu gushiraho igisirikare kizokwikorwako bikenewe, CNDD-FDD ishaka gushiraho igisirikare cayo kizwi n’amategeko ariko kigizwe n’ubwoko bumwe hanyuma bagihe inguvu. Bivugwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB). Ati ugushiraho ico gisirikare c’ubwoko bumwe kuzokwega akarambaraye mu gihugu, kuko ata wuzi ko kitazokoreshwa mu vyaha mpuzamakungu harimwo n’ihonyabwoko.
Amakuru
19 avril 2022