Amakuru
21 novembre 2023

Igisirikare c’Uburundi ntikigifatwa nk’icagiye kuja hagati y’abashamirana (B. Bisimwa)

Igisirikare c’Uburundi carahonyanze ivyapfundikiwe mu nama y’abakuru b’Ibihugu vya EAC mu bijanye no kugarukana amahoro mu karere k’ubuseruko bwa Congo. Bishikirizwa na Bertrand Bisimwa, arongoye umuhari M23. Hari mu kiganiro uwo muhari waremesheje ku bamenyeshamakuru ku wa gatandatu uheze mu karere ka Bunagana muri Kivu y’Uburaruko. Abasirikare b’Abarundi baragaragaye bari kumwe n’igisirikare ca Congo, bamwe barafashwe mpiri, abandi barahasize ubuzima mu ntambara yabahuza na M23, nk’uko bivugwa n’uwo arongoye M23. Bisimwa avuga ko we nyene yigiriye i Bujumbura agiye kubwira umukuru w’Igihugu c’Uburundi ari na we arongoye akarere ka Afrika y’ubuseruko, kugira agire ico ahinduye, ariko vyabandanije uko nyene.