Amakuru
29 août 2023

Igisirikare c’Uburundi ni co kibazwa abantu banyurujwe n’iperereza ryaco

Abantu indwi baranyurujwe n’igisirikare c’Uburundi mu mwaka w’2021. Ivyo biri mu vyegeranyo bitatu vyasohowe mu ndwi iheze n’isekeza Ndondeza. Bishizwe ahabona mu gihe habura iminsi ibiri gusa ngo isi yose ihimbaze ku wa 30 Myandagaro umunsi mpuzamakungu wahariwe abanyuruzwa n’inzego zitandukanye bakaburwa irengero. Pacifique Nininahazwe, arongoye iryo sekeza, asigura ko imiryango y’abo bantu yituye inzego zitandukanye ariko ata co bigeze bafashwa kugira bamenye iyo ababo bajanywe. Agasaba abategetsi b’Uburundi guhagarika vy’ukuri ubwo bubisha bwo kunyuruza abantu bagahana n’ababikora.