Amakuru
3 mars 2021

Igisirikare c’Uburundi kimaze imisi kiriko kiratana mu mitwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bavuga ururimi rw’ikinyarwanda muri komine Mabayi

Igisirikare c’Uburundi kimaze imisi kiriko kiratana mu mitwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bavuga ururimi rw’ikinyarwanda muri komine Mabayi, zone Butahana, mu ntara ya Cibitoke, mu burengero bushira uburaruko bw’Uburundi. Batandatu muri abo barwanyi bakaba barasize ubuzima mu ngwano yo kuri uwu wa mbere, 16 barafatwa. Ku ruhande rw’igisirikare c’Uburundi 6 barakomeretse, harimwo n’intwazangabo yo kw’ipete rya Major.