Umuhari M23 utegerezwa kuva mu bice vyose wigaruriye muri Kivu y’Uburaruko. Iryo ni itegeko ryatanzwe mu nama yahuje abakuru b’ibihugu bamwe bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ku munsi wa gatatu i Luanda muri Angola. Mw’itangazo ryasohotse inyuma y’iyo nama, hafashwe ingingo y’uko igisirikare c’akarere kirungikwa kugira kirwanye uwo muhari w’abarwanyi, hanyuma kigafata uduce uwo muhari wigaruriye.
Amakuru
24 novembre 2022