Amakuru
7 septembre 2021

Igisirikare ca Guinée caratembagaje ubutegetsi bwa Alpha Condé ku w’Imana uheze

Muri Guinée, umurwi w’abasirikare bahurikiye muco bise CNRD waramenyesheje kuri uyu w’Imana ko wafashe ubutegetsi bw’ico gihugu. Uno munsi igihugu ca Guinée kikaba kiramutswa Mamady Doumbouya, yari asanzwe arongoye abasirikare bacungera inzego muri ico gihugu. Mw’ijambo rya mbere yashikirije, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Alpha Condé yahagaritswe, ko ibwirizwa nshingiro ryari rihari rihagaritswe kandi yiyemeza ko agiye kuganira n’abandi kugira hashirweho Leta y’imfatakibanza.