Ubuvuzi bufasha gusuzuma icasinzikaje ubuzima bw’umuntu, bita médecine légale mu gifaransa, burafasha ubutungane mu kumenya icatumye ubuzima bw’umuntu businzikara. Bivugwa n’umwigisha muri Kaminuza Sébastien Manirakiza, icegera c’uwurongoye igisata ca nyuma c’amashure ya Kaminuza bita doctorat. Yabivuze kuri uyu wa gatatu aho hari haramutse hugururwa ku mugaragaro igisata c’ubuvuzi bufasha gusuzuma icasinzikaje ubuzima bw’umuntu. Akaba yamenyesheje kandi ko ubwo buvuzi buzofasha ubutungane mu manza zijanye n’ubwicanyi.
Amakuru
28 janvier 2022
