Guha akazi abakenyezi n’abigeme mu gisata c’ubutare kwotuma ico gisata gitera imbere. Ni muri iyo ntumbero hariko haraba isekeza ryo guhimiriza amashirahamwe akorera muri ico gisata mu karere k’ibihugu vy’ibiyaga binini kugira mu gutanga akazi bisunge ivyo bitigiri. Claudine Shurweryimana, acungera iterambere ridakumira mu gisata c’ubutare mu Burundi, asigura ko n’Uburundi bukwiye kwitaho kwubahiriza ibitigiri vy’abakenyezi n’abakobwa kugira ayo mashirahamwe ashobore gutera imbere. Hari mu nama yasozerewe i Bujumbura ku munsi wa gatatu uheze.
Amakuru
24 novembre 2023