Amakuru
22 janvier 2022

Igisata c’ingenzi kiracakeneye amategeko akigenga kugira citeze imbere

Ukutagira itegeko rigenga igisata c’ingenzi ngo ni kimwe mu ntambanyi zituma ico gisata kidatera imbere. Bishikirizwa na Georges Nimubona, umuyobozi w’igisata c’ingenzi. Hari kuri uyu wa kane mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Georges Nimubona avuga ko ivyo bica bituma badakora neza muri ico gisata na cane cane ko usanga hari ubundi bushikiranganji buvyinjiramwo.