Amakuru
20 novembre 2021

Igisata c’ingenzi hamwe n’ababa mu mahanga vyoshobora gutuma amafaranga y’agaciro yiyongera

Harakwiye gufatwa ingingo zotuma igisata c’ingenzi mu Burundi gitera imbere. Umwe mu bitabiriye inama y’igihugu yiga kw’iterambere ry’Uburundi asigura ko ivyo vyoheza bigatuma Uburundi buronka amafaranga y’agaciro. Uwo yitabiriye iyo nama amenyesha ko ahandi mu bindi bihugu ababa mu mahanga ari isoko rikomeye ry’amafaranga y’agaciro ku gihugu.