Igisata c’indero mu Burundi gifatirwamwo ingingo zituma kitoroherezwa mu bikorwa vya misi yose, mu gihe arico gisata ibindi bisata vyose bisa nk’uko bikomokako. Ivyo bishikirizwa na Libérat Ntibashirakandi, akurikiranira hafi igisata c’indero. Ku bwiwe, Leta ngo yategerezwa gushira imbere ico gisata kugira n’ibindi bisata bishobore gutera imbere. Akaba abishikirije mu gihe haraye hahimbajwe umusi mpuzamakungu wahariwe indero, ukaba ari umusi ushitse amashure yo mu bihugu bitari bike yugaye kubera ikiza ca Corona.
Amakuru
25 janvier 2021