Mu kiringo c’amezi atandatu, amashirahamwe yikorera utwayo yariyongereye ku bice birenga 50%. Ivyo bishikirizwa n’ikigo ADB kijejwe iterambere mu Burundi, aho kivuga ko amashirahamwe yemerewe gukora muri ico kiringo arenga 4 000. Didace Ngendakumana, umuyobozi mukuru w’ikigo ADB, avuga ko ayo mashirahamwe yari ategekanije gutanga ubuzi yagera 13 000. Hari ku munsi wa mbere, aho yariko yerekana ivyaranguwe n’ico kigo.
Amakuru
31 janvier 2024
