Amakuru
12 janvier 2024

Igisata c’amagara y’abantu gitegerezwa gusubirwamwo cose kugira gikore neza (PARCEM)

Kugira igisata c’amagara y’abantu kinaguke, hakwiye gusubirwamwo uko amafaranga akigenewe akoreshwa. Iyo ni impanuro y’ishirahamwe PARCEM, inyuma y’aho haguma hibonekeza abaganga baguma baja gukorera mu bindi bihugu. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, akabona ko abakozi bo muri ico gisata, na cane cane abaganga bategerezwa guhembwa neza. Ariko rero akabona ko ivy’ico gisata nka vyose bitegerezwa gusubirwamwo kugira gishobore gukora neza.