Amakuru
14 février 2024

Igisata c’amagara y’abantu gifise ibibazo vyinshi bikizingamitse (Dr Oscar Ntihabose)

Ibura ry’imiti, amavuriro akwije ivyangombwa, abaganga, eka n’ibindi vya nkenerwa. Leta iriyemerera ko igisata c’amagara y’abantu kibuze vyinshi. Ivyo vyagaragajwe mu bikorwa vy’iminsi itatu biherana n’uyu wa gatatu vyo kwiga ingene hoboneka uburyo bwo guteza imbere ico gisata. Muganga Oscar Ntihabose, ajejwe ubuvuzi mu bushikiranganji bw’Amagara y’abantu, avuga ko izo ngorane zikeneye umuti urama.