Amakuru
11 novembre 2021

Igisata c’abikorera utwabo nticitaweho, nico gituma ata mwimbu uvamwo

Igihugu c’Uburundi ntigishobora gutera imbere mu gihe igisata c’abikorera utwabo kikimeze uko kiri uno munsi. Bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Asigura ko ikizingamitse ico gisata ari uko abagwizatunga badafatwa co kimwe ha gushira imbere guhiganwa. Ibindi ni nk’ibura ry’umuyagankuba, ibiturire, hamwe n’ubucamanza bugoyagoya. Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, Faustin Ndikumana yasavye abari mu ntwaro guhaguruka bagafasha abagwizatunga kugira Uburundi bushobore kuva mu bukene.