Amakuru
20 juin 2024

Igisata ca politike carasubiye inyuma ku ntwaro ya Évariste Ndayishimiye

Inyuma y’imyaka ine umukuru w’Igihugu Évariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi, igisata ca politike cagiye gisubira inyuma nk’ibirenge. Imigambwe itavuga rumwe na leta yaraburabujwe. Akarorero ka hafi akaba ari umugambwe CNL wa Agathon Rwasa wasambuwe n’ubutegetsi, tudasize inyuma abanywanyi b’uwo mugambwe bishwe abandi baranyuruzwa.