Amakuru
22 décembre 2021

Igipolisi kiremeza ko bamwe mubo bakorana bakurikiranwa ku caha co kuboreza abantu igufa

Urwego rw’iperereza ruremanga ko umwe mu bakozi barwo, ariko rutavuze izina, ari mu minwe y’ubutungane. Yagirizwa kuba yarasinzikarije ubuzima abanywanyi babiri b’umugambwe CNL, nk’uko vyari vyaremejwe n’Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH). Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano, akamenyesha ko uwo mukozi w’iperereza yabikoze ku gatwe kiwe ari naco gituma bitega urwego rwose rw’iperereza.