Amakuru
12 janvier 2023

Igipolisi c’Uburundi nticigera cerekana abagirizwa ivyaha bikomeye vy’ubwicanyi

Igipolisi c’Uburundi kirakunda gutangaza abantu bagirizwa ivyaha bito bito vy’ubusuma, ariko hageze ivyaha bikomeye vy’ubwicanyi, nta kajambo tucumvako. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe rikangurira Abarundi guhindura ingendo, yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku wa gatatu igenekerezo rya 11 Nzero. Uwo arongoye PARCEM yari aramutse ashikiriza icegeranyo c’umwihwezo w’ukuntu intwaro ibereye yari yifashe mu mwaka w’2022. Faustin Ndikumana abona ko ubu mu Burundi, ubuzima bw’umuntu butera buta agaciro ku buryo abantu basigaye bicana bapfuye akantu gato.